Uko wahagera

Israyeri Yagabye Ibitero vy'Indege mu Gisagara ca Rafah


Abanyapalestina bahunga igice c'ubuseruko bwa Rafah
Abanyapalestina bahunga igice c'ubuseruko bwa Rafah

Igihugu ca Israyeri cakoze ibitero vy'indege mu gisagara ca Rafah inyuma y’aho gisabiye Abanyapalestina kukivamwo.

Hari haheze amasaha makeyi Israyeri gisabivye Abanyapalestina kuva mu bice bimwe bimwe vyo muri ico gisagara kiri mu bumanuko ba Gaza. Ico gisagara cari gicumbitswemwo n’abantu barenga umuliyoni bakuwe mu zabo n’ingwano.

Abakwirikiranira hafi ivy’ako karere bavuga ko bafise ubwoba ko ingwano ikomeye ishobora kwaduka muri ico gisagara Israyeri ikeka ko gicumbikiye abarwanyi bo mu muhari Hamas. Muri iki gihe, ibiganiro vyo kurondera amahoro vyariko bibera mu gihugu ca Misiri bisa n’ivyahagaze.

Umwe mu bategetsi barongoye umurwi Hamas, Izzat al-Rashiq, yatangaje ko mu gihe Israyeri cotera igisagara ca Rahah, ibiganiro vy’amahoro bizoca bihagarara.

Gushika ubu, ntaco igihugu ca Israyeri cari bwatangaze ku vyashikirijwe na Hamas.Televiziyo ikorana n’umurwi Hamas, yatangaje ko Israyeri cakoze ibitero mu mihana yegereye imihana y’abanyagihugu bahawe amategeko yo kuyivamwo.

Ingwano hagati ya Hamas na Israyeri yatanguye kw’igenekerezo ry’indwi ry’ukwezi kw’icumi, igihe umurwi Hamas wakora ibitero vy’iterabwoba mu gihugu ca Israyeri, vyahitanye abantu 1200.

Forum

XS
SM
MD
LG